Ishirahamwe ry’abashinwa ryahawe ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura imyaka 50

Ishirahamwe ry’abashinwa ryahawe ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura imyaka 50

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abanyonyeza amatunga ya Reta asaba abarundi kuba maso, mu gihe hari amasoko ariko aratangwa, mu ntumbero y’abategetsi bariko barondera amafaranga yo kwitekerera kandi abarundi bakenye.

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, akavuga ko umwete abategetsi bariko barakoresha mu guha amasoko abashinwa yaba mu gucukura ubutare, hamwe n’ayandi masoko, bigaragara ko hariko hararonderwa amafaranga abategetsi bazokwitekerera inyuma y’amatora, mu gihe hari bamwe bibaza ko bashobora kudasubira gutorwa. Ivyo akaba yabivuze yisunze zimwe mu mpusha zo gucukura ubutare mu Gakara zahawe ishirahamwe ry’abashinwa ryitwa Rainbow Interational Ressources Limited hamwe n’ishirahamwe rigiye kuzotunganya ibikorwa vy’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ishirahamwe ryo mu Bushinwa ryitwa Sino African Trading and InvestmentInitiatives Co Limited, ryahawe imyaka 50 yose yo gukorera muri ico kibanza. Ivyo bikazokorwa, abasanzwe badandariza ku mpande z’iyo soko babanje kwirukanwa.

Kubwa Gabriel Rufyiri, umwete uriko urakoreshwa mu kwegeranya ayo mamiriyaridi muri iki gihe hegereje amatora, biboneka ko ari umwete wo kudandaza igihugu hamwe n’ukwegeranya amafaranga yo kwitekerera inyuma y’amatora, hamwe n’ukuriha zimwe mu nkofero, amakinga, udupira, hamwe n’amapikipiki, vyose vy’umugambwe CNDD FDD. Gabriel Rufyiri rero agahamagarira abamenyeshamakuru gushikana ijwi kure, kugira ivyo bintu vyiyamirizwe.

Mukamenya ko izo ngurane z’ibikoresho bizokora mu myiyamamazo ya CNDD FDD igihugu kiriko kirasaba mu gihugu c’Ubushinwa nk’uko Rufyiri abivuga, zizorihwa ubutare n’inzahabu, Nickel, hamwe n’icayi n’ikawa bisanzwe vyimbuka mu Burundi.


Nombre de visites: 333 - Article redigé le 24/02/2015 à 15:12