Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA ni nde ? Yakoze iki ?

Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA ni nde ? Yakoze iki ?

Agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA gahabwa umunyagihugu yitangiye abandi karaye gahawe muri uwu mwaka w’2014 umukenyezi wo mu ntara ya Muramvya. NZOHABONIMANA Mariya Makurata yahawe ako gashimwe kubera yanyegeje abo bidasangiye ubwoko mu ntambara yo muri 1993.

Uwo mukenyezi NZOHABONIMANA Mariya Makurata yahawe agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, avuka mu ntara ya Muramvya muri komine Rutegama, aba ku mutumba Cumba. Uwo mukenyezi arashima agashimwe yahawe atari avyiteze kuko avuga ko igihe yakora iciza ata gashimwe yariko ararondera.

Mbega Nzohabonimana Mariya Makurata yakoze iki cotuma aronka ako gashimwe ka OLUCOME ?

Hari mu kwezi kwa Gitugutu igenekerezo rya 21 ku munsi wa kane, umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior agandagurwa. Muri komine Rutegama co kimwe no mu yindi mihingo y’Uburundi, harabaye ubwicanyi. NZOHABONIMANA Mariya Makurata, umuhutakazi, yari afise imyaka 36 n’abana babiri. Yanyegeje mu nzu iwe imiryango y’abatutsi yariko ihigwa n’abahutu kugira babice. Kuri uwo wa kane nyene, avuga ko yakiriye umuryango ugizwe n’abatutsi 6, bukeye bwaho yakira abakobwa 2 abakuye iyo bagira bicigwe bunyamaswa, arakira kandi n’umuryango w’abanyarwanda wariko uhunga kwicwa. NZOHABONIMANA Mariya Makurata aribuka igihe yaranyegeza abo batutsi ko abahutu b’ababanyi biwe baguma baza kubamusaba babice ariko, akarahira akarengwa, akemera gutanga amahera kugira abo bicanyi bareka uwo mugambi.

Inyuma y’iminsi itanu hamaze, gushika abajejwe umutekano, abona gutanga abo yari yanyegeje ata n’umwe yariwe urwara.NZOHABONIMANA Mariya Makurata, naho yakoze ivyo, nawe yararondewe cane kugira agandagurwe. Uwo mukenyezi avuga ko hamaze kuza abajejwe umutekano yaciye aronderwa kugandagurwa. Amenyesha ko abasirikare nabo basa n’abaje bafise umugambi wo kwica abahutu bazira kwica abatutsi. Ico gihe nyene, Mariya Makurata yararashwe urusasu ryo mu rutugu, Imana irakinga, aho hari mu mwaka w’1994. Uwo mukenyezi yitangiye abandi akabarokorera ubuzima, mu mwaka w’1996 yahavuye apfungwa imyaka ibiri mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ubwicanyi bwakorewe abatutsi, eka n’umugabo wiwe barapfunganywe azira icaha nk’ico, aheza arekurwa inyuma y’imyaka ine bose bejejwe kubera ivyabona vy’abatutsi harimwo abo yahungishije.

Mwomenya ko NZOHABONIMANA Mariya Makurata yagiye mw’ihiganwa ry’agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA bivuye ku makete yarungitswe n’ababanyi biwe hamwe n’abo yakijije. Nikwo kwitaba ihiganwa yahuriyemwo n’abandi bagera kuri 32. NZOHABONIMANA Mariya Makurata, amaze gutsindira agashimye kangana n’umuriyoni w’amahera y’amarundi(1.000.000 frbu) ahawe na OLUCOME, avuga ko gukora iciza vyama bifise impembo naho hahera imyaka n’iyindi.


Nombre de visites: 378 - Article redigé le 11/12/2014 à 17:21